Ethiopiya: Igipolisi ca Ethiopia catoye ikinogo catawemwo abantu 200

Igipolisi ca Ethiopia kivuga ko catoye ico kinogo kirimwo ibiziga 200 hagufi y’urubibe rugabura uturere twa Somali na Oromia muri ico gihugu. Abantu ibihumbi amajana barateshejwe izabo mu mwaka uheze n’ubwicanyi bwahabereye. 

Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bivuga ko ico kinogo cabonetse igihe hariko haraba amatohoza ku bwicanyi bwakozwe n’uwahoze arongoye ako karere ka Somali ko muri Ethiopia. Abdi Mohammed ubu arindiriye gucirwa urubanza ku bivugwa ko yegenyeza akariro mu ntambara z’amoko.

Igisata c’igipolisi kizwi cane muri ako karere kw’izina rya Liyu cagirizwa gukora ubwo bwicanyi mu karere kari hagati Somali na Oromia, kandi cahabwa amategeko n’umukuru w’akarere gusa. Igipolisi kiriko kiragerageza kumenya abo bantu 200 abo ari bo. 

Mohammed yategetswe gutanga imihoho mu kwezi kw’umunani aca ahagarikwa inyuma y’indwi zike inyuma y’aho, inyuma y’intambara yadutse ku mugwa mukuru w’ako karere, i Jijiga. 

Avugwa ko ari we yahagarikira ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntubikwiragiye hose, harimwo gusinzikaza ubuzima bw’umuntu, gufata ku nguvu hamwe n’ubwicanyi mu myaka 13 yamaze ku butegetsi. Mu kwezi guheze, ikinyamakuru ca reta Fana cavuze ko yagerageje gutoroka agasho k’igipolisi mu gusimba aciye mw’idirisha imbere y’uko yitaba sentare.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s