Congo Démocratique: Amashirahamwe mpuzamakungu OMS na MONUSCO asaba abagwanyi gufasha kugwanya Ebola

Imigwi yitwaje ibigwanisho muri RD Congo iraterwa akamo ko gufasha mu twigoro two kwongereza umutekano mu gihe ico gihugu kiri mu rugamba rwo kugwanya umugera wa Ebola.

Ako kamo n’ako abarongoye amashirahamwe ya OMS rijejwe amagara y’abantu kw’isi hamwe na MONUSCO bagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Uwurongoye OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko uwo mugera ugeramiye umuntu uwo ari we wese, mu gihe uwushinzwe ingabo za Onu Jean Lacroix yavuze ko Onu yizeye gutorera inyishu ico kibazo c’umutekano, kandi ko ishobora gushira inguvu nyinshi ku gisagara ca Beni, ahagwriye iyo ngwara.

Hari abagwayi ba Ebola barenga 300, abashika 191 bivugwa ko bamaze gupfa mu buseruko bw’ico gihugu, abandi barenga 5.000 bakaba bariko baragenzurwa.

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu ryari riherutse kugabisha ko intambara zibera mu buseruko bwa RD Congo ziburizamwo utwigoro two gutuza ikiza Ebola cahitanye abantu 24 mu ndwi iheze.

Umuvugizi w’umunyamabanga wa Onu, Stephane Dujarric, yavuze ko imigwano yadutse hagati y’imigwi yitwaje ibigwanisho mu karere ka Nord Kivu vyongereje ugushobora gukwiragira k’uwo mugera muri Congo no mu bihugu bibanyi vy’Urwanda na Uganda.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s