Mbega Abana b’Imana bagiye hehe mu Burundi ngo bahagarire ukuri muri vyose.

(Ifoto twayikuyeko kuneza y’imiryango kubera abishwe baboneka neza kandi abantu bakabamenya bikababaza…..Amafoto y’abari mu mirwi irwanya uBurundi biciwe muri Kongo democratike) Iyo uravye ivyo uyu n’uriya bavuga canke bandika ku buhinga ngurukanabumenyi woheza ukibaza uti mbenga babashingantahe, ba bagabo baroye hehe? Ubu tugeze aho tubaza tuti : Mbega abatinya Uhoraho Imana bagiye hehe ko imisigiti n’amasengero yama yuzuye kuwa gatanu, kwisabato no kuminsi ya Mungu?

Nkako ico kibazo kije hageze kuko abarundi bamye bicana aba bakabeshera bariya kuko ata numwe yemera kwemanga amaraso y’umuntu. Ariko ubu ibintu vyarahindutse hariho abantu banezegwa no kuvuga yuko bicanye kuko ngo bibagira abahizi mbere niyo bishwe bakabihakana ngo ntabantu bacu bishwe ahubwo nitwe twabamaze.

Burya barayamaze ngo ukuri ntikunyegezwa kandi ngo ntawuhisha umwotsi inzu yahiye. Ayo mafoto mubona nayo abana b’uBurundi bivugwa yuko bigishirijwe ivyagisirikare mu gihugu kibanyi kugira ngo batere uBurundi maze Leta y’uBurundi ibasanga muri Kongo ngo « irabanyukura » abavugizi biyo mihari nabo bati twaranyukuye abasirikare ba Leta badusanze I Kongo ntawo kubara inkuru yavuyemwo. Ariko kandi abarovyi bo ku ruzi Rusizi bama babona ibiziga vyabo muri iyo migwi vyasangutse.

Naho bamwe bavuga ngo politike ni ubuhinga bwo kubesha « L’art de mentir » ubeshe usubire ariko amaraso yabo bana b’uBurundi usuka ku risongoye ntazoguha amahoro. Leta iti tukigera duhonyoza ikirenge hakurya, abo muri iyo migwi bati twanyukuye abasirikare n’imbonerakure za leta. Iyo bumenya umwe bwari ikindi.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s