Uganda: Abanyeshure 10 bapfuye abandi barenga 20 barakomerekera mu muriro w’abagizi ba nabi

Igitero c’umuriro coba ari ico abagizi ba nabi ku buraro bw’abahungu mw’ishure riri mu bumanuko bwa Uganda cahitanye abantu 10 abandi barenga 20 barakomereka. Inkuru zivuga ko uwo muriro watanguye kare mu gitondo ku musi wa mbere mu buraro bubamwo abanyeshure barenga mirongo ibiri bo mw’ishure ryisumbuye rya St Bernard riri i Rakai.

Abategetsi bavuze ko imiryango y’ubwo buraro yari yugaye, ituma abarenga mirongo ibiri bataronka aho baca. Henry Nsubuga, arongoye iryo shure avuga ko uwo muriro ari « igikorwa c’urwanko ». Ben Nuwamanya, arongoye igipolisi muri ako karere, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya AFP ko abantu batatu, harimwo umuzamu, bahagaritswe ku mvo z’amatohoza.

Publicités