
YEREMIYA 52:31-34.
Muri aya majambo, harimwo ahavuga kuva mw’ IBOHERO.
Mw’ ibohero umuntu ashobora kujanwayo :
1. N’ ikosa canke amakosa yakoze.
2. N’ uko yasamaye , iki canke kiriya kikamwononekarana.
3. N’ uko abari hafi yiwe , canke abo bari kumwe bariko bararonderwa.
4. N’ uko ivyo amategeko y’ igihugu asaba atavyo afise. Akarorero kutagendana karangamuntu ( Identité) mu Burundi urashobora kubipfungirwa.
5. N’ uko bakubesheye.
6 .N’ uko uriko uvugira ibintu vyawe.
7. N’ uko wabaye isura ( Témoin) y’ ikinyoma.
8. N’ uko wavuze ukuri aho ikinyoma ciganje.
9. N’ ibindi n’ ibindi …
Ariko nta bohero ririho ribabaza nko kwumva mu mutima UBUZE AMAHORO. Ayo nayo , ashobora guhungabanywa :
– N’ icaha.
– N’ igeragezwa rizananye ku bitwa bene Data.
– N’ ibindi n’ ibindi…
Muze dusengere abari mu mabohero atandukanye , ngo Imana yo mw’ ijuru ibabohore.