Ishengero Eglise du Rocher aho umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uBurundi arangurira amabanga y’Imana hari zuguruzuguru

Ishengero ry’urutare (Eglise du Rocher), ryitirirwa Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu Denise NKURUNZIZA, rikaba ryari risanzwe riserukiwe imbere y’amategeko ( Représentant Légal), na Pasteur NDUWINDAVYI Ferdinand, kur’uruyu w’Imana igenekerezo rya 17/11/2018, zarahinduye imirisho.

Pasteur NDUWINDAVYI Férdinand asanzwe akora muri Nations Unis, Igisata ca droit de l’homme bamwigijeyo.

Pasteur NDUWINDAVYI Ferdinand banamwagiriza yuko yafashe ingingo wenyene rudende rwa nege, yo kwirukana Pasteur Isidore MBAYAHAGA akaba amaze no kwirukana n’abandi batari bake nko mu baririmvyi n’abandi bahasengera.

Kur’uyu wa 17/11/2018 rero, comité d’éthique et de discipline, igizwe na Pasteur AKIMANA Charles alias SOGO ; Pasteur NDAYISHIMIYE Thaddée ; Rév. Pasteur Emile ; Pasteur Serges ikaba irongowe na Rév. Pasteur Mme Dénise NKURUNZIZA yahagaritse burundu muma shengero yose Représentant Légal Pasteur NDUWINDAVYI Férdinand akaba yirukananwe na Mme NDAYISHIMIYE Ancile Bella.

Ni mwitangazo ryasomwe na Rév. Pasteur Mme Dénise NKURUNZIZA