Prezida wa Afrika y’epfo Cyril Ramaphosa agiye gusubiza imfashanyo y’amahera yahawe mu kwiyamamaza

Prezida wa Afrika y’epfo Cyril Ramaphosa agiye gusubiza amadolari 35.000 yahawe abajejwe imyiyamamazo yiwe n’ishirahamwe ryagirizwa kurya ibiturire. Abatanze iyo mfashanyo, ishirahamwe ryitwa Bosasa, ryaratsindiye amasoko menshi ya leta, ubu rikaba ririko riragirwako amatohoza.  Mu ntango, Ramaphosa yari yabwiye abashingamateka, ko ayo mahera yarishwe umuhungu wiwe Andile, ku bikorwa yakoreye ishirahamwe Bosasa.

Mu kwemera mu nyuma ko yari imfashanyo, vyatumye haba amakenga ku rugamba yiyemeje rwo gutuza igiturire nk’uko vyandikwa n’umumenyeshamakuru wa BBC Will Ross.

Yongeyeko ko ivyo bije gusubiza inyuma umugambi wa prezida yari yiyemeje wo kugwanya igiturire.

Ramaphosa kandi yategetse ko hihezwa neza imfashanyo zose yahawe ariko ariyamamariza kuba umukuru w’umugambwe wa ANC. 

Ibi vyagenze gute?

Yishura ku bibazo vy’abashingamateka itariki 6 z’ukwezi kwa cumi na rimwe, Ramaphosa yavuze ko amahera yahawe umuhungu wiwe n’ishirahamwe Bosasa (ubu ryitwa African Global Operations), ari amahera aciye mu mategeko kuvyo iryo shirahamwe rikorana na Andile. 

Mu nyuma, mu rwandiko yarungikiye inama nshingamateka muri iyi ndwi, yavuze ko bamumenyesheje ko ayo mahera atari ayo kuriha umuhungu wiwe, ahubwo yari intererano kubari bajejwe imyiyamamazo yiwe. 

Ramaphosa yanditse ati: »Iyo mfashanyo yatanzwe ntabizi. Sinari nzi ko hari imfashanyo yatanzwe igihe nariko ndishura ku bibazo. »

Ku munsi wa gatandatu, itororokanirizo ry’amakuru rya AFP ryavuze ko umuvugizi wa ANC, Zizi Kodwa yabwiye ikinyamakuru ca leta ko prezida « yafashe ingingo ubwiwe yo gusubiza ayo mahera avugwa. »

Ivyo bintu biteje isoni Ramaphosa gute?

Mmusi Maimane, umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na reta Democratic Alliance, yavuze ko amahera Bosasa yatanze asa  » n’ayo bagiye baratanga ku mareta yose ya ANC. »

Kuva asubiye mu kibanza ca Jacob Zuma, yatanze imihoho mu kwezi kwa kabiri kubera gukekwako ibiturire, Ramaphosa yiyamamarije kuba umuziranenge kugira ushingwe amabanga muri reta. 

Muri uku kwezi nyene, yavuze ko igiturire kigeramiye Afrika y’epfo kimeze « nk’inzoka yo mu nda ya amibe » ifise « imitwe ku mpande zose ».

Yaremanze ko abanye Afrika y’epfo bashavuye kandi ko bipfuza ko abategetsi ba leta bakomeye bacibwa imanza bagatabwa mu mvuto, anagereranya igiturire n’umuntu yafashwe ku nguvu ariko akaguma yitegereza uwamukoreye ico kibi ariko yidegemvwa.

Publicités