Ibikorwa vyo kugwanya Ebola vyasubiye gutangura muri RD Congo inyuma yo guhagarara ku musi wa gatandatu

Ibikorwa vyo kugwanya umugera wa Ebola vyasubiye gutangura ku wa mungu i Beni mu buseruko bwa Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), inyuma yo guhagarara ku munsi wa gatandatu bivuye ku ntambara zabereye muri ako karere ku wa gatanu. 

Nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, yari yafashe ingingo yo guhagarika ivyo bikorwa i Beni, intambara zo ku wa gatanu zabera ku metero zike uvuye ku kigo kivurirwamwo abaremvye cane n’amazu y’uburaro y’abaganga.

Ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu kw’isi « Organisation Mondiale pour la Santé » (OMS) ryibukije ko abakozi baryo 16 bari i Ben bari bahungishirijwe i Goma kugira bitabweho kubera ivyo babonye.

Igisase caraguye ku nzu babamwo ariko nticaturitse.

Ku mugoroba wo ku wa gatanu, igisirikare ca ONU gifasha kugarukana amahoro muri RD Congo, Monusco hamwe n’igisirikare ca leta barasubije inyuma igitero c’abagwanyi ba ADF mu gisagara ca Beni.

Mw’itangazo ryo ku munsi w’Imana, uwurongoye ishirahamwe OMS yamenyesheje ko iryo shirahamwe rizobandanya gukorana n’ubushikiranganji bwa Congo bujejwe amagara y’abantu hamwe n’abandi bafasha mu gutuza ico kiza ca Ebola. 

Kuva iyo ngwara yadutse itariki imwe z’ukwezi kw’umunani guheze, ico kiza kimaze guhitana abantu 213 i Beni.

Publicités