Abimukira batabawe banse kuva mu bwato bwabatwaye muri Libiya

Abimukira mirongo barokowe n’ubwato bw’imizigo mu kiyaga ca Méditerranée, banse kwururuka ubwato bashikanywe ku kivuko co muri Libiya. 

Bamwe muribo babwiye abamenyeshamakuru ko bopfuma bapfa hakwururutswa ku gahato muri Libiya, aho bavuga ko bari bagizwe imbohe bongera barahohotegwa n’abakora magendo y’abantu. 

Ubwo bwato bwabazanye i Misrata itariki 10 Ukwezi kwa cumi na rimwe, bubakuye mu bwato buto barimwo ku nkengera yo mu burengero bwa Libiya.

Bavuga ko baturuka mu karere ka Afrika ko munsi ya Sahara no muri Aziya yo mu bumanuko.

Abantu 14 barimwo abana ata muntu akuze bari kumwe hamwe n’umugore w’uruyoya baravuye muri ubwo bwato ku munsi wa gatatu, baja gufungigwa mu bibanza vyategekanijwe muri Libiya, ariko nkuko ikinyamakuru co mu gihugu ca Qatar al-Jazeera cabimenyesheje ngo hari hagisigaye abimukira 77 muri ubwo bwato ku munsi w’Imana.

Publicités