Mu Burundi OPP1 Nduwimana Prime yahagaritswe yagirizwa kurasa umupfasoni wiwe yamukekako ugukundana n’umukozi wiwe

Umupolisi mukuri OPP1 Nduwimana Prime yagirizwa kwica umupfasoni wiwe kuri uyu kabiri ku mugoroba akoresheje inkoho anakomeretsa n’umwana w’uruyoya yari ahetse yahagaritswe n’abajejwe umutekano. Ivyo vyabereye mu kigwati ca Kajiji kiri muri zone Kanyosha muri komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura. Umupfasoni yishwe ni Hagabimana Louise w’imyaka 36 y’amavuka akaba asize abana batandatu harimwo n’urwo ruyoya rw’ameze umunani.

Igipolisi kivuga ko urwo ruyoya ruriko ruravurirwa mu bitaro vya MSF biri mu gisagara ca Bujumbura. Ababibonye babwiye BBC ko bapfuye umukozi mushasha w’umukobwa OPP1 Nduwimana yashaka guha akazi mu kabare, umugore wiwe na we aravyanka. 

Umwe mu babibonye avuga ati: »Hagabimana Louise yabwiye komiseri (izina bita OPP1 Nduwimana mu kigwati ca Kajiji) ko adakeneye ko uwo mukobwa akora mu kabare kabo, hanyuma komiseri aca yigira ku ruhande abasiga bonyene. Hagabimana yaranakubise uwo mukobwa amakofe abiri mbona.

« Komiseri yarasubiye kwegera ariko baguma bashwana. » Ntahomvukiye Marius arara izamu iruhande y’ahabereye iryo bara yabwiye BBC ko vyose vyabaye abona. 

« Vyatanguye isaha 19:30, bivuye ku mukozi w’umukobwa komiseri yazanye, umugore na we akamwanka. Abandanya avuga ko Hagabimana Louise yabwira umugabo wiwe ko azana umukozi w’umugabo, ko adakeneye umukobwa.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s