Bukeye tugiye aho basengera, duhura n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yar’atungishije ba shebuja cane kubw’iyo ndagu.

IVYAKOZWE N’INTUMWA 16:16-18 Bukeye tugiye aho basengera,duhura n’umwigeme arimwo dayimoni aragura,yar’atungishije ba shebuja cane kubw’iyo ndagu. Uyo aradukurikira twebwe na Paulo,asemerera,at’aba bantu n’abasavyi b’Imana isumba vyose, kandi bababarira inzira y’agakiza. Amara imisi myinshi agenza artyo.Ariko Paulo adundumiwe,arahindukira,abarira dayimoni,ati Ndakubariye mw’izina rya Yesu Kristo, muvemwo. Amuvamwo mur’ako kanya.

Yesu adushoboze kumenya gutandukanya impemu z’ukuri n’izibinyoma. Paulo ahejeje gusenda iyo Mpwemu mbi, baciye babafata babahoye ko babononeye urudandazwa kuko amahera bahora baronka batazosubira kuyaronka. Baca babagirira ishari n’urwanko. Baca barababeshera mbere ko bahagaritse imitima y’abantu mu gisagara.

Urugendo ruja mw’ijuru satani ararurwanya cane. Twame twisengera kugira tudatsindwa n’ibitugerageza. Nico gituma mbatumirira kwama dusenga ubudasiba.

Dusenge:Mwami Uhoraho tuguhaye icubahiro, babarira ivyaha vyacu vyose. Kiza ubugingo bwacu ivyifuzo vya satani n’abansi bose.Uduhagararire kugira ngo tutabura uko tugukorera,urwanye ibiturwanya vyose,Uhezagire abantu bawe,abatagira ibibondo ubibahe kubw’imbabazi zawe,abatagira ubuzi ubuduhe kubw’urukundo rwawe,abarira ubahoze,ababaye ubatwenze,urwanirire umurimo muri iyi misi ya nyuma aho uriko ukorerwa hose. Ukize abarwaye,ubohore imbohe,ucirinzira abashonje n’impahazwa. Uduhe kugukorera tukwubashe ni mw’izina rya Yesu twizeye.

Amen.