IVYAKOZWE N’INTUMWA 16:22-26 Ishengero ribahagurukira icarimwe,abacamanza babakakagurirako impuzu,bagerako babakubita.Bamaze kubakubita inkoni nyinshi,babashira mw’ibohero,babarira umurinzi kubarinda cane. Na we abariwe artyo abashira mu nzu yo hagati,arobeza amaguru yabo mu mpatane z’ibiti. Maze nko mu gicugu Paulo na sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva,isi ica iranyiganyiga cane giturumbuka,bituma amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga,ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya Bose iradohoka.
Tugiye kuraba ivyabaye kuri Paulo na Sila:
1. Gutabagurirwako impuzu.
2.Gukubitwa.
3.Gukomeretswa.
4.Gushirwa mw’ibohero.
5.kurobezwa amaguru mu mpatane z’ibiti hamwe no kubohwa n’iminyororo.
Nibazako nawe ucubibona uko vyagenze. Kuko ntivyashoboka ko nokwicara bicara.
Bari barushe,kandi bananiwe, ariko barabirengeye batangura GUSENGA no KURIRIMBIRA Uhoraho Imana. Kandi izindi mbohe zaravyumva vyose.
Ndagusavye ngo wiyumvire ukuntu bari bamerewe,kandi baruhijwe n’ububabare bw’inkoi n’ibikomere badashobora no kwicara. Ariko ivyo vyose barabirengeye batangura guhimbaza no gutazira Imana.
Dusenge: Tugushimiye imbabazi zawe Uhoraho we. Ngwino ugirire neza ubwoko bwawe n’umurimo wawe kuko satani aturwanya ni mw’izina rya Yesu dusavye twizeye.
Amen.