Umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Museveni yakuriye inkoni ku gishitse Petero Nkurunziza, Umukuru w’igihugu c’UBurundi

Mu rwandiko umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweli Kaguta Museveni yandikiye Petero Nkurunziza mu kumwishura urwandiko yari yamwandikiye, yamukuriye inkoni ku gishitsi yuko ategerezwa kuganira n’uwariwe wese harimwo n’abagomvye guhirika ubutegetsi ku gikenye. Umukambwe Yoweri Kaguta Museveni aravuga igituma Urwanda rutoganira na FDLR, mbere aratanga inyigisho muri urwo rwandiko kuvyerekeye intambara no kuganira n’abarwanyi avuga ivyerekeye Ubuganda. Uwo Museveni wumva yayiciye umurya mu kwanagiriza abahutu b’Abarundi kuva mu 1972 ngo bakoze ibara. Vyoba ivyo bihuye n’inyishu y’urwo rwandiko? Museveni yerekanye agashavu kenshi.