Abatavuga rumwe na leta « babiri barishwe abandi 40 barakomereka » mu kavuyo i Lubumbashi

Abaharanira agateka ka zina muntu muri Republika ya Demokrasi ya Kongo bavuga ko abantu babiri bishwe abandi mirongo ine barakomereka mw’itana mu mitwe n’abapolisi. Ivyo ngo vyabaye igihe abapolisi batana mu mitwe n’abashigikiye abatavuga rumwe na leta mu muji wa Lumbumbashi.

Ariko igipolisi ca Kongo gihakana amakuru y’uko hoba hari uwapfuye, kikavuga ahubwo ko abantu babiri ari bo bakomeretse.

Martin Fayulu, umwe mu bakandida mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu ndwi iza yariko ariyamamariza i Lubumbashi, mu bumanuko bushira ubuseruko ku wa kabiri, igihe igipolisi cakoresha ikiduga bimijagira amazi hamwe n’inkoho.