Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umushikirizamanza mukuru wa republika, Sylvestre Nyandwi, arahakana yivuye inyuma ibiri muri video ya BBC bivuga ko inzego z’iperereza zica zikanapfungira abantu ahantu hatazwi. Muri iyo video haravugwa abantu boba barakubaguwe abandi baricirwa mu nzu iri muri zone Kinindo mu gisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara Ntwarante nimero 76.
Iyo video kandi irerekana umuvo w’amaraso bavuga ko ari ay’abantu bagandaguriwe muri iyo nzu. Umushikirizamanza avuga ko bamaze kubona iyo video hakozwe amatohoza yo kumenya nimba ibivugwa n’ivyerekanwa vyoba ari vyo ariko ngo basanga ari ibinyoma.