PARCEM ivuga ko yasanze urwaruka rwipfuza gushikiriza ibirubakiye abatowe n’abanyagihugu

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako mu biganiro ryagiye riragiranira n’urwaruka mu mihingo itandukanye y’igihugu ryasanze urwaruka rwipfuza kubonana n’abashingamateka kugira ruje rurabashikiriza ibibazo rufise nabo babafashe kubishikana imbere hamwe no kubafasha gushiraho amategeko arworohereza na cane cane mu migambi yo kwiteza imbere.

Ivyo vyashikirijwe na Dorothee NIZIGIYIMANA mw’ijambo ryo kugurura uruganda rwo kuruyu wa kane igenekerezo rya 13 Kigarama 2018 ,asanzwe ari mu rwaruka ruhurikiye mu bikorwa vy’ishirahamwe PARCEM mu mugambi wo gukangurira urwaruka kuvavanura n’ibitagira nkuzi kugira rwijukira kubana neza hamwe no kurangura imigambi yo kwiteza imbere.

Muriryo jambo ryiwe,Dorothee NIZIGIYIMANA yasavye abashingamateka ko boja baraganira n’urwaruka bakongera bakarubera ijisho aho rudashobora gushika .

Publicités