Afrika Yepfo yasohoye umutahe mpuzamakungu wo gufata Grace Mugabe

Igipolisi ca Afrika Yepfo cemeje ko casohoje umutahe wo gufata Grace Mugabe, yahora ari umupfasoni wa mbere mu gihugu ca Zimbabwe. Uwo mutahe usohowe ku birego vy’uko umupfasoni w’uwahora arongoye Zimbabwe Robert Mugabe, yahohoteye umwigeme akora mu vy’imideli i Johannesburg mu mwaka uheze. 

Mu makuru aturuka mw’itororokanirizo ry’amakuru Reuters bivugwa ko umuvugizi w’igipolisi ca Afrika Yepfo ariwe yemeje isohogwa ry’uwo mutahe. Vishnu Naidoo yavuze ati: « Ndashobora kwemeza ko umutahe wo gufata Grace Mugabe wasohowe ku munsi wa kane uheze. »

Uwo muvugizi yongeye avuga ko igipolisi kiriko kirasaba igipolisi mpuzamakungu Interpol ngo gifashe gushira mu ngiro uwo mutahe. Bino bishitse mu gihe sentare yahanaguriye Madamu Mugabe ubudahangagwa mu kwezi kw’indwi.

Publicités