Indirimbo n’ibiteramo vya Diamond Platnumz vyihanikijwe muri Tanzaniya

Umwe mu baririmvyi bakomeye cane muri Afrika y’ubuseruko – Diamond Platnumz – yabujijwe gutunganya ibiteramo mu gihugu ca Tanzaniya.

Ikigo BASATA ari naco kigenzura ibijanye n’utugenegene muri ico gihugu ca Afrika y’ubuseruko, kivuga ko cafashe iyo ngingo kubera ko yaririmvye ururirimbo rwari rwihanikijwe mu ndwi zahera. 

Ku munsi wa Mungu uwo muririmvyi w’umudiho « bongo flava », yaririmvye ururirimbo Mwanza imbere y’isinzi ry’abantu bari bakoraniye ku kivuko c’i Mwanza.

Publicités