Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko zatanguye gukura abasirikare bazo muri Siriya

Ubutegetsi bwa Amerika bwavuze ko abasirikare b’ico gihugu batanguye kuva mu gihugu ca Siriya, inyuma y’aho Perezida Trump atangarije ko umugwi wiyita Leta ya Islamu « Islamic State » (IS) « waneshejwe ».

Ibiro bikuru vya gisirikare Pentagone vyavuze vyavuze ko babaye baraja ku « ntambwe ikurikira mw’ico gikorwa » ariko ntivyasobanura ku buryo burambuye. 

Abasirikare 2000 barafashije kwikura abagwanyi ba IS mu buraruko bushira ubuseruko bwa Syria, ariko hari uduce abo bagwanyi bakirimwo.

Abantu biyumvira ko abarongoye igisirikare boba bipfuza kugumiza zimwe mu nteko muri Syria ngo zifashe kugira IS ntisubire kuvyuka.

Hari n’ubwoba ko mu gihe Amerika yoba igiye, ko Siriya n’akarere vyoca vyifatigwa n’Uburusiya hamwe na Irani. 

Mw’itangazo ry’ibiro bikuru vya gisirikare Pentagone hamwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu White House, bivugwa ko Amerika yatanguye « gutahura inteko za Amerika mu gihe dutandukiriye intambwe ikurikira ya kino gikorwa ». 

Pentagone ivuga ko ata zindi nsobanuro itanga ku bijanye n’iyo ntambwe ikurikira « ku mvo zo gukingira inteko n’iz’umutekano ». 

Ibiro White House vyavuze ko Amerika n’ibihugu bicuditse bahagaze « biteguye guhangana ku nyungu za Amerika igihe cose bikenewe, kandi tuzoguma dukorana twiyamiriza ko haba akarere kifatigwa n’aba Islamu b’intagondwa, twiyamiriza abatanga uburyo, abashigikira, tugwanya n’uburyo bwose bwo kunyegetera mu mbibe zacu ». 

Perezida Trump yavuze ko hari hageze gutahukana inteko inyuma y' »intsinzi zizovugwa mu mateka ».

Inyuma yaho Amerika itanguriye gukura inteko muri Siriya, amakungu yatanguye gushikiriza ico avyiyumvirako.

Igihugu ca Isirayeli bicuditse cavuze ko cabwiwe ko Amerika ifise « ubundi buryo bwo kugenzura akarere » ariko ko « iziga ikirangaminsi co gukurayo ingabo, uko bizokogwa n’uruhara dufise mw’ico gikorwa ».

Umuvugizi mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu Maria Zakharova yavuze ko ingingo Amerika yafashe ishobora gutuma indyane za politike ziri muri Siriya zironderegwa umuti.

Umwe mu bashigikiye Bwana Trump, umukenguzamateka w’umu Républicain Lindsey Graham, ari mu kanama kajejwe igisirikare, « ko ari amakosa akomeye cane nk’ayashikiye Obama » igihe akura abasirikare mu gihugu ca Afuganistani.

Publicités