Papa Francis yahimirije abapatiri bashurashuje abana kwishikana imbere y’ubutungane

Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis, yahimirije abapatiri bahohoteye abana mu kubashurashuza kwishikana imbere y’ubutungane bagacibwa imanza. Niyo majambo akomeye cane amaze kuvuga gushika ubu muri iki kibazo cakweze akamaramara mw’ishengero.

Papa yavuze ko abahohoteye abana muri ubwo buryo bagomba kwishikana ku bajejwe intwaro kandi bakitegurira n’urubanza rw’Imana. Yongeyeko yuko ishengero ritazosubira kurenza uruho rw’amazi ku makosa nk’ayo canke ngo rifate minenegwe ikibazo co guhohotera mu gusambanya.

Papa ivyo yabivuze aho yashikiriza ijambo ngarukamwaka urwego rwa Curia, rujejwe uburongozi bwa Vatikano. Mu kwezi kwa kabiri, Vatikano izoremesha inama idasanzwe ku kibazo co guhohotera mu gusambanya, izokwitabwa n’abakuru b’amanama y’abepiskopi Gatolika yo kw’isi, barenge ijana.

Publicités