Arikw’abiteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodugisha amababa nk’inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.

YESAYA 41:31 Arikw’abiteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha;bazodugisha amababa nk’inkukuma,biruke ntibaruhe,bagende ntibadendebukirwe.

Bibiliya itubwirako INKOMEZI (IMBARAGA)tuzihabwa n’Uhoraho.

ABAROMA 1:16-17 Kuk’ubutumwa bwiza butantera isoni,ar’ubushobozi bw’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku muyuda ukageza ku Mugiriki. Kuko muri bwo ari ho ukugororoka kuva Ku Mana guhishurirwa, guheshwa n’ukwizera kukarwiza ukwizera ,nk’uko vyanditswe,ng’umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.

Ubutumwa bwiza ngo ni UBUSHOBOZI (UBUBASHA) bw’Imana.

Ufise UBUSHOBOZI n’INKOMEZI ukora vyinshi kandi vyiza. Wirinde kurambirwa mu rugendo ruja mw’ijuru. Wame ukunda gusenga kugira wame mu nkomezi n’ubushobozi hama abadayimoni bagutinye.

umuvugabutumwa umwe, yatubwiyeko yagiye Kuvuga ubutumwa ariko ntivyakunda kw’abuvuga kuko Atari agisengera ingabire yiwe. Ntiyahawe UBUSHOBOZI bwo Kuvuga. None nawe ndagusavye ngo wame mu BUSHOBOZI bwo gusenga. Wisengere uswngere n’abandi.

Iyo utakaje INKOMEZI ntuba ugishoboye kwihangana,uwugututse wese uc’umengo mwofata mukanigo, canke ikigeragezo na gitoya kije ucumengo wobivamwo gusenga no kwizera Imana.

Wirinde mubuzima bwawe kuzotakaza ukwizera. Iyo uri umukizwa atagira UBUSHOBOZI ntushobora no gusengera uwurwaye. Biba bimaramaje igihe abantu baguhamagaye ngo ngwino usengere uwurwaye ukabura ico uri bukore. Abantu bakakubona wama ujana n’abandi gusenga ariko udafise UBUSHOBOZI bwo gusenga.

Publicités