Igisirikare ca Syria ‘cinjiye mu gisagara ca Manbij’ mu gihe Turkia iguma isemerera

Igisirikare ca Syria cinjiye mu gisagara ca Manbij kiri mu buraruko incuro ya mbere mu myaka itandatu, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wa gisirikare.

Ariko urunani rurongowe na Amerika ruri muri ako karere ruvuga ko ata co rurabona cahindutse mu gisagara.

Abategetsi ba Amerika hamwe n’umugwi ukorera mu Bwongereza ukurikirana ibibera muri Syria bavuze ko ingabo za Syria zashizwe mu micungararo y’ico gisagara.

Abagwanyi b’aba Kurd bafashwe mu mugongo na Amerika basavye ingabo za Syria kubasubirira mu birindiro kubera ubwoba bw’uko Turkia ishobora kubatera.

Igihugu ca Turkia gifata umuhari w’aba Kurd YPG nk’umugwi w’iterabwoba.

Ivyo aba Kurd basavye reta ya Syria bije inyuma y’aho Amerika imenyeshereje giturumbuka ko abasirikare bayo bose bategerezwa kuva muri Syria. 

Prezida Donald Trump yamenyesheje ivanwayo ry’abasirikare 2.000 mu ndwi iheze, avuga ko umuhari wa Etat Islamique watsinzwe.

Ariko ivyo ntibibonwa kumwe n’abo basangiye urugamba bavuga ko iyo ngingo ishobora gutuma uwo muhari usubira kwiyubaka bushasha.

Ababifisemwo uruhara babivugako iki? 

Igisirikare ca Syria kivuga ko cadugije ibendera i Manbij. Mw’itangazo ku mboneshakure, umuvugizi Waco yavuze ko ingabo ari yo ziri « kugwanya iterabwoba no gutuza abavogereye igihugu cabo ».

Ariko abategetsi ba Amerika babwiye Reuters ko batarahindura ibirindiro vyabo I Manbij kandi ko ibirenga mirongo ibiri bikihari. 

Abategetsi bavuga ko babonye ingabo za Syria mu micungararo y’ico gisagara ariko ko batinjiye mu gisagara. 

Urunani rurongowe na Amerika mu kugwanya umuhari wa Etat Islamique ruvuga ko inkuru z’uko igisirikare kiri muri ico gisagara cahindutse « atari yo ».

Publicités