Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Bufaransa yatumije izindi nkoho zanokoye amaso abari mu myiyerekano

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’igihugu c’Ubufaransa yatumije inkoho z’inyongera 1700, z’ubwoko bivugwa ko bwakomerekeje benshi mu bitabira imyiyerekano yo kwiyamiriza leta.

Izo nkoho zirasa ibintu bifise santimetero zine z’ubwaguke, bigamije guhagarika umuntu ari kure nko ku metero mirongo itanu.

Abantu benshi bari bitabiriye imyiyerekano baranokowe amaso bamaze kurasishwa izo nkoho mu maso.

Umuhuza (ombudsman) mu vy’agateka ka zina muntu mu Bufaransa, Jacques Toubon, yasavye ko ikoreshwa ry’izo nkoho ryohagarikwa.

Sentare ya Buraya ijejwe ivy’agateka ka zina muntu yaranse kwakira ikirego co kubuza ikoreshwa ry’izo nkoho muri uku kwezi, ariko ivuga ko ishobora gusubiramwo iyo ngingo hanyuma.

Hagati aho, abajejwe intwaro mu Bufaransa bavuga ko igipolisi casubije inyuma abiyerekana bambaye udukoti tw’umuhondo, bagerageje kwahuka iyahoze ari inyubakwa y’umukuru w’igihugu yo kuruhukiramwo mu ci.

Iyo nyubakwa izwi kw’izina rya Breganco iri mu bumanuko bw’igihugu, ikaba ari iya kera cane mu gihe kizwi nka medieval i Buraya.

Publicités