WarakozeMana: Intahe ishinzwe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ijanye n’ivyiza Imana yakoreye Uburundi n’abarundi muri uyu mwaka w’2018, ku muhingamo wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 29/12/2018 :
1) Mu mwaka wa 2018, Imana yarazigamye abarundi, izigama indongozi, dutangura umwaka turi kumwe, tukaba tugiye kuwurangiza turi kumwe, kandi dushima Imana nkuko twawutanguye.
2) Umunyango w’Umukuru w’igihugu, hari umurima wateyemwo itoni 2.5 z’ibiraya, isarura itoni 62.5. N’ubwambere bibaye, muri uyo muryango, ndetse no mu gihugu cose.
3) Uyu mwaka wa 2018 wabaye umwaka w’ubusabane n’urukundo hagati y’abarundi, hagati y’indongozi nabo barongoye. Abarundi Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yagendeye canke Umutambukanyi, basanga abenegihugu ku kivi, bashoboye kubagabira inka 140, n’ibiseke vy’ibiraya, amateke, ibijumbu n’ibindi. N’ubwa mbere bibaye kandi ntivyabaye ku muryango w’Umukuru w’igihugu gusa, vyabaye kuri benshi, kandi biba mu Burundi gusa. Ni ibidasanzwe, kuko kera umwenegihugu abonye umurongozi yariruka.
4) N’ubwambere habaye amatora mu Burundi abahunze bariko barahunguka, mu gihe mu yindi myaka, amatora yaba hari abariko barahunga. N’intango nshasha, aho abantu bahunga amatora, bagahunguka mu yandi matora.
5) Nibwo bwa mbere , Imana yahumuye amaso y’abarundi bakamenya ubwenge bwo kwitunganiriza umugambi w’iterambere atamunyamahanga agiyemwo
6) Uyu mwaka niho indongozi zatembereye Uburundi bwose zigisha inyigisho zo kuzirikana igihugu,
7) Kwa 4 Rusama 2018, inyuma kugurura imyiyamamazo y’amatora y’Ibwirizwa Nshingiro mu ntara ya Ngozi, umukuru w’igihugu yagiye gukina umupira w’amaguru, agira atere umupira muremure mu gori, wari guhava ugirira nabi umunyezamu bigatera icuka kibi mu bihe vy’amatora, Umukuru w’igihugu yaciye acika umutsi w’ukuguru, wamupira ntiyaba akiwuteye. Abantu baravuze vyinshi kuri ubwo bugwayi, ariko inyuma y’amezi indwi arakira, asubira gukina umupira, ashika yinjiza ca gitsindo muri rya gori nyene. Uyu musi uko kuguru niko atambirako ariko arahimbaza Imana.
8) Mu mwimbi w’ikawa, igihugu cari categekanije kuzosarura itoni 80.000 z’ikawa mbisi, ariko habonetse 140.000
9) Mu mwimbi w’icayi, igihugu cari categekanije kuzosarura itoni 7.000, ariko gushika muri munyonyo hari hamaze kuboneka 10.000
10) Uyu mwaka nibwo bwambere turangije amezi ya Munyonyo na Kigarama ata nzara iri mu Burundi. Ayo mezi yahora ari amezi bita ayakanyobeza, ariko muri uyu mwaka, turiko turarya ibihitira.
11) Uyu mwaka, niho honyene ibigori vyumiye mu mirima mu gihugu cose, mu gihe muyindi myaka, bahora basoroma bitarera neza kubera inzara,
12) Uyu mwaka niho honyene abarundi batanguye kurima mu ci, bakavomera kandi bakimbura,
13) Muri uyu mwaka wa 2018, Imana yarahishuriye abarundi ingene borima imyumbati neza, iciye ku murundi mutomuto, wo mu ntara ya Kirundo. Uwo mwenegihugu mu kurima umyumbati, yimba ikinogo kinini, akagishiramwo umwavu, agaca ashingamwo ikigombo kinini. Umukuru w’igihugu n’umushikiranganji w’uburimyi bemeje ko uwo mwenegihugu yasoromye ibiro 80 vy’imyumbati mu kinogo kimwe.
14) Muri uyu mwaka kandi Imana yaraciye ku mwenegihugu mutomuto, haraboneka igiterwa ciza cari carirengagije, citwa igisunzu.