

Inyuma yaho abagwanya leta y’Urwanda bayitereye bamwe mubumanuko abandi mu burengero, amashirahamwe aharanira ikiremwa ca zinamuntu muri ico gihugu aravuga yuko inzego z’umutekano zitagera umutwe abana n’abatama mu kubanyuruza no kubica kugira ngo yihorere ku miryango y’ababateye. Ivyo bikaba bitazotuma amahoro atsimbatara muri ico gihugu. Ayo mashirahamwe aravuga amazina y’abana b’uRwanda benshi bamaze kuzimanganirizwa ubuzima.