Itumanako mu buhinga bwa none ryacitse « bitegetswe na leta » muri Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), ku munsi wa mbere inyuma y’amatora rusangi y’umukuru w’igihugu.Amakuru aturuka ku banyamakuru bari i Kinshasa avuga ko abashigikiye umukandida atavuga rumwe n’ubutegetsi, Martin Fayulu, bavuze ko abajejwe intwaro baciye « internet » mu kurondera guhagarika « irungika ry’ivyegeranyo vy’amajwi » bishira ahabona intsinzi nini cane y’uwo mukandida
Mu butumwa bwarungitswe n’ikigo gitanga umuhora Global cagize giti: « Mukiriya wacu, tubitegetswe na leta, itumanako rya « internet » ryahagaritswe ku kiringo kitaramenyekana. »
Uwuserukira ikigo Vodacom nawe nyene yavyemeje, abwira itororokanirizo ry’amakuru ati: « Ni leta yabiciye. »
Abafise imirongo ya Airtel na Vodacom ntibashobora kuronka amakuru i Goma na Beni mu ntara ya Kivu ya ruguru, ku birometero 2000 uvuye ku mugwa mukuru Kinshasa.
No ku muhora wa Whatsapp vyari vyahagaze i Lubumbashi (mu bumanuko) ku bakoresha Vodacom.
Vodacom, Airtel na Orange nivyo bigo bikuru bikoreshwa kuri telefone ngendanwa muri Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo.
Umunyamabanga mukuru w’inama y’abasenyeri « Conférence des évêques » (Cenco) yavuze ati: « Ndababajwe no kwumva imbere yo kwinjira muri ino nzu ko « Internet » yaciwe. »
Uwo munyamabanga niwe aherutse gutanga icegeranyo c’ingene amatora yagenze muri rusangi, ku ruhande rwa Ekleziya Katolika.
Iryo tumanako ricitse mu gihe ibitigiri vy’amatora vyariko birungikwa ku buryo bwa Twitter.