Ubunani bwiza 2019″Nta rugero na rumwe rw’inzoga rutabangamira amagara y’umuntu »

Amakuru ni mabi ku bakunda gufata ikirahuri c’umuvinyu ku munsi, bakibaza ko gituma bagira amagara meza.

Ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo Lancet bwaremeje ivyatowe n’ubundi bwaheruka, bwerekana ko ata rugero na rumwe rw’inzoga rutabangamira amagara y’umuntu. 

Abashakashatsi baremera ko kunywa inzoga ku rugero bishobora gukingira indwara z’umutima, ariko basanga ukwo « gukingira » kwojako kabaza mu gihe umuntu ashobora gufatwa n’indwara ya kanseri n’izindi.

Uwakoresheje ubwo bushakashatsi avuga ko ivyatowe vyokwizegwa kurusha, ravye ivyihwejwe mw’ico gikorwa.

Kunywa ku rugero bibangamira ubuzima gute? 

Icigwa ciswe « Global Burden of Disease » caravye urugero rw’inzoga n’ingaruka ku magara ku bihugu 195 birimwo n’Ubwongereza, hagati yo mu 1990 no mu 2016. 

Casuzumye amakuru atanzwe n’abantu bafise imyaka 15 kugera ku myaka 95, abakora ubushakashatsi bakagereranya abantu batanywa inzoga hamwe n’abafata icupa rimwe ku munsi. 

Basanze ku bantu 100000 batanywa inzoga, abantu 914 aribo bafatwa n’ingwara zikunze gutera abanywa inzoga nka kanseri canke inguma. 

Ico gitigiri ciyongerako abantu bane, ugiye mu mugwi w’abanywa ikinyobwa kimwe canke icupa rimwe ku munsi. 

Ku bantu bafata amacupa abiri ku munsi, ciyongera abantu 63, nayo ku bafata amacupa atanu ku munsi kikiyongera abantu 338 bashobora kugira ingorane z’amagara. 

Umwe mu bakoresheje ubwo bushakashatsi, Prof Sonia Saxena, umushakashatsi kw’ishuli « Imperial College » ry’i Londres avuga ati: « Icupa rimwe ku munsi rirabangamira amagara, hanyuma ufashe Ubwongereza bwose usanga ari abantu benshi, kandi abantu benshi ntibanywa icupa rimwe gusa ku munsi. »

Uwarongoye ubwo bushakashatsi Dr Max Griswold, wo mu kigo « Institute for Health Metrics and Evaluation » (IHME), kuri kaminuza ya Washington, avuga ati: « Ivyigwa biheruka vyasanze inzoga zishobora gukingira ariko twasanze urugero rw’uko amagara abangamigwa rwiyongera igihe umuntu anyoye inzoga nyinshi. 

« Kuba inzoga zitera kanseri, inguma, hamwe n’izindi ngwara bizimanganya ikinga rivugwa ku ngwara z’umutima. »

« Amakuba yuko amagara abangamigwa kubera kunywa inzoga ni make iyo umuntu afata icupa rimwe ku munsi, akiyongera ningoga igihe umuntu afata amacupa menshi. »

Mu 2016, leta y’Ubwongereza yaragabanuye urugero rw’inzoga ku bagabo no ku bagore, itegeka ko bafata ingero 14 ku ndwi canke ibirahuri 7 vy’umuvinyu ku ndwi. 

Ico gihe, umukuru w’igisata c’ubuvuzi mu Bwongereza, Prof Dame Sally Davies, yasanze urugero urwarirwo rwose rw’inzoga rushobora gutera indwara ya kanseri.

Mu Bwongereza abagore banywa kurusha abagabo 

Icigwa cerekanye ko abagore bo mu Bwongereza banywa amacupa atatu ku munsi, bakaba bari mu kibanza c’umunani mu banywa cane kw’isi. 

Igiharuzo cerekana ingene abagore banywa inzoga kw'isi
Image captionIgiharuzo cerekana ingene abagore banywa inzoga kw’isi, aba mbere bakaba ari abo muri Ukraine

Mu bagabo, abo mu Bwongereza bari mu kibanza ca 62 ku bihugu 195 naho bafata amacupa atatu ku munsi, abo mu gihugu ca Roumanie bakaba aribo ba mbere kw’isi bafata hejuru y’amacupa umunani ku munsi. 

Ukwo abagabo barushanwa kunywa inzoga kw'isi
Publicités