Igisirikare ca Amerika kirasaba ikigongwe ku butumwa bwa Twitter carungitse

Igisirikare ca Amerika casavye ikigongwe inyuma yo kurungika ubutumwa bwatumye abantu batekegwa n’ubwoba, biyumviye ko bagiye kugabwako igitero ca bombe bitegurira kwinjira mu mwaka mushasha w’i 2019.

Igisata c’igisirikare ca Amerika « US Strategic Command » ari naco kigenzura ibigwanisho ruhonyanganda vya Amerika, carungitse ubutumwa bwa Twitter buvuga ko citeguye « gukorora ikintu kinini cane » kurusha umupira usanzwe ukorogwa mu kibanza Times Square i New York.

Ubwo butumwa bwarungitswe buca umwaka mushasha utangura, bwari kumwe n’amashusho ya videwo ubonamwo indege B-2 ikorora ibisasu.

Ikigo « Strategic Command » cahavuye gihanagura ubwo butumwa, kivuga ko ari « ubutumwa bubishe », kibusubiriza ugusaba ikigongwe. 

Ivyabaye vyatumye abantu bahurira ku mbuga hwaniro bafatwa n’agashavu. 

Ubwo butumwa bwahanaguwe bwari bwanditswe buti: 

« Muvyo tumenyereye i TimesSquare igihe c’umwaka mushasha aho bakorora umupira munini…ni vyakenegwa twiteguye gukorora ikintu kinini cane. »

Ubwo butumwa bwashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi imbere yuko uwo « mupira ukorogwa » uvuye hejuru y’inyubakwa imwe ya Times Square, inyubakwa ndende cane y’i New York, yama itanguza umwaka mushasha. 

Uwo mugenzo watanguye mu 1907, aho umupira uri ku mugozi umanuka uvuye ku metero 43 mu masegonda 60 imbere ya sasita y’ijoro, ugashika hasi umwaka mushasha utanguye. 

Abantu baciye bihutira kwidogera ikigo « Strategic Command » ingene cisutse mu birori. 

Uwigeze kurongora igisata c’inyifato y’abari muri leta « US Office of Government Ethics », Walter M Shaub Jr, yarungitse ubutumwa bwa Twitter avuga ati: « Ni abasazi bwoko ki batwara igihugu? »

Joe Cirincione, yanditse igitabu ‘Nuclear Nightmares, Securing the World before it is too late’, yagize ati: « Ubwa mbere sinibaza ko bino vyoba ari ukuri. Ariko ni kwo. Ni ihinguriro rigwaye ryongera rishaka gutebura. Birateye isoni. » 

Ikigo « US Strategic Command » ni kimwe mu bigo 10 vya gisirikare biri mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika, gifise icicaro i Nebraska. Icivugo caco ni « amahoro niwo mwuga wacu », kikaba cari mu butumwa bwa Twitter bwashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi. 

Publicités

Un commentaire sur “Igisirikare ca Amerika kirasaba ikigongwe ku butumwa bwa Twitter carungitse

Les commentaires sont fermés.