Hahirwa ubabara umurushwa; Uhoraho azomurokora ku munsi w’ivyago

Amahoro y’Umwami wacu Yesu Kristo abane natwe twese! Amen! Turabire hamwe amajambo y’Imana ari muri Zaburi 41:1-3.

1. Hahirwa ubabara umurushwa;

Uhoraho azomurokora ku munsi w’ivyago.

2. Uhoraho azomuzigama amukize, kandi azogira amahirwe mw’isi.

;

Ntaho azomuha abandi biwe ngo bamugirire uko bagomba.

3. Uhoraho azomwiyereka ari ku buriri ahondobereye;

Ni wewe umworohereza ibisaswa iyo arwaye!

Amen!

Bene Data aya majambo yansubijemwo intege, yanyeretse ico nkwiriye gukora kugira ngo mwererwe neza muri iyi si akenshi tuyihuriramwo n’ibidutera ubwoba, ibi duca ivutu, Ibigomba kutunyaga ubugingo.

Nta kintu kinezera nk’iyo uronse ikintu canke umuntu akuvugira canke akurokora iyo ugeze imbere y’ivyago;

Nta kintu kinezera iyo abandi bagusugereje bagomba kukugirira nabi ariko bakabura inzira;

Nta kintu kinezereye nk’iyo ureeeemvye ku buriri bwawe uhondobereye ukaja ubona uwukwiyegeka,

Canke ukumva ibisaswa vyawe birorohejwe, ugasinziiiraaaa!!!!!

Kugira ngo rero umuntu amererwe uko twadondaguye, hari ikintu kimwe akwiye gukora, ng’iki-I: KUBABARA UMURUSHWA!

Umurushwa ni izina rigobotowe mu rivuga kuruha! Kubabara umuntu arushe bishitura Imana, bituma uwubikoze Imana imukorera ivyo vyose twadondaguye!

None hari ikintu na kimwe uti kwipfuza muri ivyo twavuze aho haruguru?

None nta murushA ari aho uherereye. Nta bariho jewe n’ivyaha aho hambavu yawe aho utuye?

Kubababara bisigura iki? Kubasengera kubabwira ubutumwa bwiza, ko Yesu akizwa ivyaha!

Hari abaruhijwe n’indwara, hari abaruhijwe n’ubukene, …,

Mwene so Annette NINTUNZE!!

Publicités