Ishengero Katolika risaba abategetsi ba Congo gushira ahabona uwatsinze mu matora aheruka ya prezida

Ishengero rya Katolika rikomeye cane muri RD Congo rivuga ko hari uwatahukanye intsinzi mu matora ya prezida yo kuri uyu w’Imana bishimikije ibiharuro babonye. 

Abasenyeri bahamagarira abategetsi kuvugisha ukuri ni gutangaza ivyavuye mu matora vuba.

Iryo shengero rifise abayoboke ibihumbi n’ibihumbi bagiye gukurikirana ayo matora, bamwe muri bo bakaba baramenyesheje ko yabayemwo utunenge.

Akanama kajejwe gutegura amatora kavuga ko itangazwa ry’ivyavuye muri ayo matora ryari ritegekanijwe kuri uyu w’Imana rishobora kwigizwa inyuma.

Umukuru w’ako kanama Corneil Nanga yavuze ibigo bijejwe kwegeranya amajwi bigitegereje ayava mu tuzu dushika ku bice 80%. 

N’abatavuga rumwe na reta baridogera utunenge twibonekeje muri ayo matora yo kurondera uwuzokorera mu ngata prezida Joseph Kabira.

Avuye ku butegetsi abumazeko imyaka 17, akaba yemeje guhererekanya ubutegetsi incuro ya mbere kuva ico gihugu kivuye mu minwe y’Ububiligi mu 1960.