Hari inzandiko zikwiragizwa zerekana yuko President Paul Kagame n’Umugambwe FPR urongoye urwanda uburabuza ubutegetsi bwo mu karere k’ibiyaga binini vya Afrika

Uretse yuko President w’Urwanda Paul Kagame hari abamwagiriza kuba inyuma y’impfu za President Melchior Ndadaye, Cypriyano Ntaryamira b’Uburundi, abo bakaza biyongera kuri President Yuvinali Havyarimana na Yosefu Kabila b’Urwanda na Kongo, aragirizwa kandi kuba ari inyuma yo gushaka kwica President Petero Nkurunziza w’Uburundi na Kaguta Yoweri Museveni w’Ubuganda. Ivyo vyose naho bimwagirizwa uko nta butungane burabimwagiriza bica vyitwa ibihuha. Abarundi barayamaze ngo urukurukuru niyo nkuru kandi ngo impera n’imperuka ukuri kuzoja ahabona. Tubirindire tubirabe. Naho biri uko hari inzandiko za sinywe nawe canke abategetsi bo mu mugabwe wiwe zerekana yuko bishimikije amacakubiri y’amoko bagerageza kuburabuza leta z’uburundi kuva ku ntwaro ya leta ya Frodebu gushika n’ubu.

Publicités