Ni munyumve, yemwe ab’inzu ya Yakobo, mwa masigarira yo mu nzu ya Isirayeli mwese, abo nateruye uhereye mu kivuka, nkabaheka mukiva mu nda

YESAYA 46:3-7 Ni munyumve,yemwe ab’inzu ya Yakobo, mwa masigarira yo mu nzu ya Isirayeli mwese, abo nateruye uhereye mu kivuka,nkabaheka mukiva mu nda; nzobageza no mu zabukuru ndi We, muzorinda musēsa imvi nkibaheka: ni jewe naremye,ni jewe nzoheka; mbere nzobaterura,mbarokore. None rero mwongereranya na nde twongana? Kandi mwonshushanya na nde twosa? Basukanura izahabu mu mupfuko,bagera ifeza Ku munzane,bagaha umucuzi w’izahabu ingero,akabicuramw’imana;bakayikubita imbere bakayisenga. Maze bakayishira Ku bitugu bakayirerura,bakayishinga mu kibanza cayo,igahagararaho ntisegenye;mbere nah’umuntu yoyitakambira,ntiyoshobora kumwishura,canke ngw’imukize amagorwa yiwe.

Uhoraho ariko aratwereka ko ibigirwamana atagaciro na gatoya bifise. None nimuze twame twizeye Uhoraho Imana yacu,inyabushobozi Imana rurema. Adusezeraniye ukundi gusha ko azokwama aduhēka,aturerure,umunyenga wiwe tuzowubamwo iteka ryose nitwamwiyegereza,tukamwumvira.

Dusenge: Uhoraho Data mwiza tugushimiye imbabazi zawe,urukundo rwawe,n’ubuntu utugirira. Harira ivyaha vyacu vyose,turakwihaye ngo utugenze uko ushaka. Ni mw’izina rya Yesu Kristo twizeye. Amen.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s