Iherezo ry’ikintu riruta itanguriro ryaco; kand’ uw ‘umutima wihangana aruta uw’umutima w’ubwibone.

UMUSIGUZI 7:8 Iherezo ry’ikintu riruta itanguriro ryaco;kand’ uw ‘umutima wihangana aruta uw’umutima w’ubwibone.

Ikintu cose kirafise intango n’iherezo. Intango y’ubuzima bwacu kw’isi ni ukuvuka,iherezo ryacu ni ugupfa. Intango y’ibigeragezo ni ukumererwa nabi,impera yavyo ni ukumererwa neza, uguhindurirwa ibihe.

Intango y’agakiza twahawe ni ukwizera Umwami n’umukiza wacu Yesu. Ngusavye ngo wibuke gutangura Atari co gikuru,ahubwo gikuru ni ukubandanya kumwizera mbere ugashishikara ukageza Ku mpera y’urugendo rwawe niho uzokwitwa umuhirwe. Nkwifurije kurangiza urugendo rwawe ucubaha Uhoraho.

Yesu mwungere wacu mwiza turagushimiye kubw’aya majambo.Izina ry’Uhoraho rishirwe hejuru kubw’ububasha n’urukundo rwawe udukunda. Tugusavye iherezo ryiza kugira ngo ivyo twakoze tukaruha bitazoba impera z’abandi. Ni mw’izina rya Yesu twizeye. Amen

Publicités