Ngo umuntu yaburijemwo amasezerano yabo kuko imana yabo atari Imana yacu Yehova Uhoraho.

Abana b’Abarundi bazogeza ryari kuzimizwa na banciyaha babahenda ngo Imana yababwiye ibi na biriya naho shwi! Nkuko biri ukuzimirira, ukuzimiza no kuzimirizwa muvyo Imana vyamavyabaye ariko ikibabaje ni ukuzimira ntuheze ngo wihane uzimuruke. Hari abantu bumvise ihanga ry’Imana rivuga Isezerano baca biyumvira yuko boryigana nkakurya abasuma bigana inoti canke inyandiko bigakunda. Bumvise turi abisezerano baciye biyita aba theocrates abandi barihadikiririza n’indome batangura gucokora amashengero n’abandi bose bizera ico Imana yavuze ku Burundi. Bashitse kure mukwerekana yuko ari abapagani bakura amafoto kuri za facebook zabantu bandikako ivyisoni nke. Gutyo berekanye uko bareha. Baripanze, abandi bariyimika biha ubutware badafise, biyitirira ibitari ivyabo bibagira yuko Imana Yehova yagize iti: »Urabikora nkahora ukibaza yuko mpwanye nawe. »

Ubu bageze muri nankana aho bakwiragiza uduhuha yuko amasezerano yabo yaburijwemwo n’umuntu bisigura yuko ico bita imana yabo ari ikinyantegenke kidashobora gusohoza amasezerano kumwanya waco. Ni bihane bazimuruke barindire maze babone ukugira neza kw’Umwami wacu Yesu Kristo yanesheje rupfu na kuzima akazukana ubushobozi bwose. Ufise ubwenge yoheba inzira zabanyakibi akifatanya n’abagororotsi mukuba mw’ihanga ry’Imana ABISEZERANO. Woba uri mu mahanga, mu mpunzi cane mu gihugu woreka guhendwa n’uwariwe wese akubwiye ngo « Imana yavuze ngo ». Benshi mu biyita abami n’abapasitori bo ku mbuga nka Facebook na whatsapp ni abasuma n’abambuzi. Ni aba escrots binyegeza mu ma sezerano no mw’Ijambo ry’Imana ngo baguteshe umwanya canke bagusahure utwawe. Urasoma neza ivyo bavuga canke wumvirize neza ivyo bavuga baradendekeranya amateshwa, urabatera umugongo nturanduke.

Publicités