U Burundi burasigura igituma bwahagaritse amwe mu mashuli ya kaminuza

Ubushikiranganji bwa za kaminuza n’ubushakashatsi mu Burundi bwagize ico bushikirije ku ngingo buherutse gufata yo kwugara zimwe muri kaminuza zigenga izindi zikankirwa kwakira abanyeshure bashasha. 

Mu kiganiro umushikiranganji Gaspard Banyankimbona yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, yavuze ko amatohoza yakozwe n’umugwi w’abahinga bagendeye kaminuza zitandukanye yerekana ko zimwe muri izo kaminuza zidafise ivya nkenerwa kugira zigishe neza.

Yagize ati: « Twasanze abanyeshure batari bake bahejeje kaminuza, iyo bageze kw’isoko y’akazi, benshi biboneka ko batize neza. Ubu rero ubushikiranganji bushaka butangure kuraba neza ingene binjira, nimba binjira bafise ibisabwa, n’abo batunganya inyigisho birakenewe ko tumenya ko bafise ivya nkenerwa ».

Umushikiranganji Gaspard Banyankimbona asigura ko ari mu ntumbero yo kunagura akanovera k’inyigisho za kaminuza.

Hari n’izindi ngingo zigiye gukurikira nk’uko abisigura: 

« Buri mwaka tuzohora tumenyesha abarundi n’amakungu ibisata birekuriwe kwugurura muri uwo mwaka kugira abantu ntibazimagirike, ngo baje kwinjira mu bisata bitarekuwe hama bazoze kutugora mu nyuma. »

Iyi ngingo nyibonwa neza na bamwe mu baserukira kaminuza zigenga bavuganye na BBC ariko batashimye kwivuga amazina.

Umwe muri bo yagize ati: « Kaminuza zigenga zitandukanye n’iz’igihugu kubera zozo zigisha ivyo abantu baje kwiyandikisha bipfuza kwiga. Hari n’abaza kwiga bakeneye ubumenyi gusa ata n’akazi bakeneye. None abo nta burenganzira bafise bwo kwiga? Igikuru gusa nuko kaminuza yoba ifise abigisha, inyubakwa n’uburyo bikwiye. Ahandi ho umengo ubushikiranganji bushaka butwinjirire ».

Mu mpera z’indwi iheze ubushikiranganji bwafashe ingingo yo kwugara kaminuza zibiri zigenga zibiri, izindi 9 zankirwa kwakira abanyeshure bashasha.

Vyabaye inyuma y’aho umugwi w’abahinga uciye muri kaminuza imwimwe bihweza ibijanye n’ingene akanovera k’inyigisho kifashe muri izo kaminuza.

Uwo mugwi nyene niwo wahavuye ukore urutonde rwa kaminuza zikwiye kwugara n’izidakwiye kubandanya zakira abanyeshure bashasha. 

Abaserukira izo kaminuza bagiriza ubushikiranganji ko bwafashe ingingo ata muco ugiyemwo, ndetse mbere ngo bwaranse no kubabwira ico bwafatiyeko, bagasaba ko hoba ibiganiro.

Publicités