Igihe c’itangaza cawe kirageze. Amasengesho y’indwi y’Ihanga ry’Imana ryose mukwezi kuza Ruhuhuma 15-22/2019

IGIHE C’IGITANGAZA CAWE KIRAGEZE, 2019 GUSENGA NO KWISONZESHA.

Shalom mukundwa! *Kubera yuko amasengesho yo kwisonzesha akingura inzugi zugaje ibihindizo, agaca inzira ahatagira inzira, akabohoza imbohe, agakiza indwara zose n’ibitangaza bigakoreka; turagutumiriye amasengesho y’amafungo y’iminsi indwi mu kwezi kuza kuva kuwa 15/02-22/02-2019.*

-Abatabimenyereye canke abafise amagara make bazohora bafungura mwijoro gusa, hari n’abazonywa amazi canke umutobe ku murango.

– Ababishoboye baravye aho bari n’imirimo bafise bazifatanya natwe iminsi yose. Uzobikore uko Mpwemu Yera agushoboje.

Mwihanga ry’Abarundi haba mu gihugu canke mu mahanga hari vyinsi vyo gusengara, imitwaro yo mwibanga n’iyindi mitwaro isanzwe.

Imana idusaba kwitegurira ayo masengesho twese no kwitega ibitangaza kuko arahambaye. Dusabwa kuyamenyesha abizera bose aho bari hose kugira ngo Imana izobakorere umwe wese igitangaza yiteze.

-Muntu uri mu Burundi canke mu kindi gihugu ca Afrika umenye yuko Imana itaguhevye.

-Muntu uri muri Aziya, umenye yuko Imana ifise ico ugomba kuyikorera aho nyene.

-Muntu uri muri Erope, Canada na Amerika umenye yuko Imana ifise umugambi igomba yuko urangura.

Umwami Yesu abazigame!

Ihanga ry’Imana, 15/01/2019

Publicités