Abahitanywe n’igitero cagabwe kw’ihoteli Dusit bageze kuri 21

Abahitanywe n’igitero cagabwe kw’ihoteli Dusit bageze kuri 21, igipolisi ca Kenya kikavuga ko kimaze gufata abantu 9 barimwo babiri barondegwa cane mu matohoza catanguye.

Kugeza ubu bivugwa ko abantu 14 aribo babuzwe irengero nkuko ishirahamwe ry’abatabazi b’umusalaba utukura « Croix Rouge » rivuga.

Imiryango itarakubita ijisho ababo iguma ija mu buruhukiro n’ibitaro bitandukanye kuraba ko bosangayo ababo, inyuma y’ico gitero umugwi wa ki isilamu al-Shabab wemanze ko wagavye.

Ku munsi wa Gatatu, abajejwe intwaro muri Kenya bakeje abajejwe umutekano ku kuntu bitwaye muri ico gitero, banakiza abanyagihugu amajana indwi bari mw’iyo hoteli n’ayandi mazu y’urudandazwa ahari.

Bivugwa ko umusirikare kabuhariwe w’Umwongereza nawe yafashije mu gutabara abanyagihugu bari bagoswe – ngo yari yitwaje ikirwanisho kandi nk’uko bivugwa n’ababibonye, yaragikoresheje.

Uwo musirikare yari asanzwe ari muri Kenya mu gikorwa co kwigisha abasirikare baho.

Umukuru w’igihu ca Kenya yashimangiye yuko igihugu ca Kenya gifise umutekano ukwiye ku ngenzi z’abanyamahanga, ngo kandi abagize uruhara mu gutegura iki gitero bazohigwa.

Publicités