Wame wibuka gusenga, gutazira no gushima Uhoraho Imana yacu.

Hariho umutegetsi w’igihugu kitari kure y’iwacu yagiye kwifatanya n’abandi muco bise « Gusamura no Gusenga » aca nkuko abateara bamwe babwe bigira abahinga muri vyose, ati:  » Naho twaje ngaha mwame mwibuka ibikogwa hamwe na politike nimutwarwe n’urusinziriza ngo ni amasengesho » aca yongerako agereranya Ijambo ry’Imana canke ayo masengesho n’umuti wo kwa muganga batera abantu bafise ububabare bwinshi canke uwo bagira babage kugira ngo bamukore atumva. Ukwo ni ukwihenda cane kandi ni akaborerwe k’iy’isi atazi aho gashobora kumushikana. Imana niyo iri hejuru ya vyose, ntuzoje kumabwire ya ntacoyimena, kuko aba ahimvye nabi.

Nyabuna, ubu no mugihe kizoza uzohe Imana ikibanza ca mbere kuko muriyo niho hari politike y’ukuri, iterambere, amahoro arama na kazoza k’abanyagihugu. Irak, libiya, syria, ni uturorero two hafi vyari ibihugu vyagahore mwiterambere mugabo uburinzi bw’Imana budahari ivyo utunze vyose, ivyubahiro ufise bishobora kuyonga ubibona.

Publicités