Agatabo kigisha ivyiza n’ingendo y’amasengesho afatanije no kwisonzesha

image1gusenga w’isonzeshejelevi r kanda aha ngo ugasome

Vyoshoboka gute ngo umuntu amare iminsi 40 ataco ashize ku munwa? Kubera iki umuntu yomara iminsi 40 yisonzesheje? Nahavuye nja gusesangura muri Bibiliya nsanga:
– Mose yisonzesheje iminsi 40 ntiyarya canke ngo anywe imbere yuko aja kuzana ivyagezwe 10 (Gusubira mu vyagezwe 9:9-18)
– Dawidi yisonzesheje kubwo umwana wiwe arwaye (2 Samweli 12: 1-23)
– Dawidi yisonzesheje kandi aho yaronka inkuru yuko Sawuli na Yonatani bishwe (2Samweli 1:12)
– Abantu n’ibintu b’Ininiwe barisonzesheje kugira ngo bakire agatikizo (Yona 3:7-10)
– Yehoshafati yahamagariye ihanga ryose rya isirayeli kwisonzesha igihe bagira batere abaMowabu n’aba Moni (2 Ingoma 20:3)
– Nehemiya yafashe umwanya wo gusenga yumvise yuko Yerusalemu ikiri umusaka (Nehemiya1:4)
– Eliya yisonzesheje ahunze Yezebeli (1 Abami19:4-8)
– Ezira yisonzesheje kubera umubabaro w’icaha (Ezira 10:6-17)
– Esiteri yisonzesheje kubwo umutekano w’ubwoko bwabo (Ester 4:15-17)
– Dariyusi yisonzesheje kubwo umutekano wa Danieli (Danieli 6:18-23)
– Daniel yisonzesheje kugira ngo yishurwe imitwaro (Daniel 101-3)
– Yesu yisonzesheje iminsi 40 n’amajoro 40 imbere yuko ageragezwa na satani (Matayo 4:1-2)
– Anna yakorera Imana mu gusenga no kwisonzesha arindiriisezerano (Luka 2:36-37)
– Intumwa zarisonzesha kugira ngo zimenye ubugombe bw’imana (Ivyakozwen’intumwa13:2-3, 14:23)
– Paulo yarisonzesheje ahejeje gukizwa (Ivyakozwe n’intumwa 9:1-9)
– Paul na Barunaba bafashe umwanya wo gusenga bisonzesheje kugira ngo bagene abakera b’amashengero (Ivyakozwe n’Intumwa 14:23)
– Abakera bi Antiyokiya barisonzesheje imbere yuko barungika intumwa (Ivyakozwe n’intumwa 13:1-3)
Gusenge wisonzesheje ni ikirwanisho ca koreshejwe n’abantu b’Imana irya n’ino kuva kera gushika ubu. Intumwa Paul niwe yagize ati gusenga gufatanije no kwisonzesha ni ingendo itegerezwa kuba mu buzima bw’umukristo (1Abikorinto 7:5). Nahavuye nanje mfata amafungo ndi imuhira, mwibohero, mu buhungiro eka nasanze ushobora gusenga wisonzesheje aho uri hose.
Intumbero yanje mukwandika aka gatabo ni ukugira ngo ndagutere intege uzogerageze kwisonzesha no gusenga umunsi umwe canke itatu, indwi imwe canke iminsi 40. Ndafise ibintu nogufashisha kugira ngo utangure amafungo y’amasengesho, igituma amafungo ari nkenegwa, ico ukwiriye gukora mu mafungo n’uko wobigenza mukurangiza amafungo. Ndibaza yuko ivyo uri buze gusoma biri buze kukugirira akamaro.

Publicités