WhatsApp yagabanije gusangiza ubutumwa mu kugwanya amakuru y’ibinyoma

Iyo porogaramu yo kuganirirako igiye kwemerera abayikoresha gusabikana ubutumwa incuro zitanu gusa, mu ntumbero yo kugabanya ikwiragiza ry’amakuru y’ibinyoma. Facebook iramaze gutanguza ingingo nka mweniyo mu gihugu c’Ubuhindi mu mezi atandatu arangiye. 

Gushika ubu abakoresha WhatsApp bashobora kurungika ubutumwa incuro 20 mu duce tumwe tumwe, igihe bariko barabusabikana.

Iyo ngingo nshasha yatangajwe mu birori vyabera i Jakarta, mu gihugu ca Endoneziya. 

Ico gihugu cimirije amatora rusangi mu kwezi kwa Kane. 

Ico kigo cabwiye BBC ko cafashe iyo ngingo inyuma yo kwihweza « citonze » ivyavuye mw’igerageza ryakowe ku kiringo c’igice c’umwaka. 

Umuvugizi waco yagize ati: « Iryo gabanya ry’isabikana ryaratumye ubutumwa bukwiragizwa kw’isi bugabanuka. »

« [Bino] bizofasha WhatsApp gutuma abantu bacuditse cane aribo barungikiranira ubutumwa. Tuzobandanya twumviriza ico abantu bavyiyumvirako, haheze igihe, turondere uburyo bushasha bwo guhagarika ayo makuru y’ibinyoma. »

Ubutumwa bugiye kugera he?

Abantu 256 nico gitigiri ntarengwa c’abaja mu mugwi wa WhatsApp.

Bisigura ko umuntu umwe ashobora gukwiragiza ubutumwa gushika ku bantu 1280 aho kuburungika ku bantu 5120, nkuko vyahora mu minsi iheze. 

Ntawushobora guhagarika abaronse ubutumwa nabo bashobora umwumwe kuburungika incuro zitanu.

Ingingo yafashwe ije mu gihe WhatsApp na Facebook hamwe n’ibindi bigo bariko barerekwa ku ruhara bagize, mu gukwiragiza amakuru y’ibinyoma ku mbuga ngurukanabumenyi. 

Mu ndwi iheze, Facebook yatangaje ko yahanaguye impande 500 (500 pages) z’ivyanditswe hamwe n’amakonte bivugwa ko yagiye mu vyo gukwiragiza amakuru y’ibinyoma mu karere k’Uburaya bwa hagati, muri Ukraine no mu bindi bihugu vy’Uburaya bwo mu buseruko.

Publicités