Ntazokundira ibirenge vyawe ko bitirimuka, ukuzigama ntazohunyiza. Uhoraho azokurinda ikibi cose; ni we azozigama ubugingo bwawe.

ZABURI 121:3,7 Ntazokundira ibirenge vyawe ko bitirimuka,ukuzigama ntazohunyiza.

Uhoraho azokurinda ikibi cose; ni we azozigama ubugingo bwawe.

Amahoro, urukundo, umunezero ntahandi uzobisanga atari muri Kristo Yesu. Uhoraho azi iva hasi ryawe. Niwe aramira urugendo rwawe rwose.

Ivyo satani atwifuriza ni vyinshi bibi cane. Ariko urikumwe n’Uhoraho ntaco bikugira kuko akurinze kandi akurwanirira.

Dusenge: Uhoraho Mwami Mana yacu,erega uri mwiza bihebuje. Turakwinginze ngo uharire ibigabitanyo vyacu vyose, amaraso ya Kristo atugire beranda.None rwanirira ubwoko bwawe buriko bugutabaza uko bwije uko bukeye,rekuza imbohe ziboshwe zizira ubusa,tabara abagowe,abarushe n’abananiwe,fasha impfuvyi,abapfakazi,aboro n’abarenganywa. Nkweretse igihugu cacu c’uburundi,dushoboze kukwubaha no kukwizera hama utange impore Ku gihugu cacu.Isi yose turayisengeye,tuyisabiye impore,kiza kandi uzigame abakwubaha. Ni mw’izina rya Yesu twizeye.Amen

Publicités