Uribukijwe kwitegurira amasengesho y’amapfungo aho ihanga ry’Imana ry’Abarundi bose bazokwisonzesha mu gusenga indwi yose.

Amasengesho yo kwisonzesha asenyura ibihome vy’imikoshi n’imivumo, indwara, ubugumba, ubukene n’inzara.

Amasengesho yo kwisonzesha yugurura amabohero y’umutima n’ayo umubiri, yugurura inzugi z’amasezerano yawe, akagomorora imigisha yo mw’ijuru..

Woba mu gihugu canke mu mahanga, woba mukazi ka Leta canke wikorera ivyawe, woba uri muhira canke mu buhungiro, woba widegemvya canke upfunzwe, woba ugendana ubumuga canke uri muzabukururu, woba uri umu Kristo canke umunyagihugu asanzwe;

Uko uri kwose urahamagariwe ayo masengesho yo kuva kuwa 16/02 gushika kuwa 22/02 uyu mwaka wa 2019, kugira ngo wakire igitangaza cawe co gukira indwara ukagira amagara meza, kuronka imigisha ugatera imbere ukava mu bukene no kwiganyira, kwinjira mu ma sezerano yawe nayo igihugu no kwitegurira gusanganira Umwami wacu Yesu Kristo. Urasabwe gutumirira ayo masengesho incuti n’abagenzi, aho abarwaye n’abafise amagara make bazofata ibinyobwa gusa ku murango maze bagafungura mwijoro gusa, abandi badashoboye ayo mapfungo bazohora bafungura mwijoro gusa bakiyiriza ubusa iyo minsi yose. Hari abatazofata ikintu na kimwe iyo minsi yose.

Murahawe kaze kwifatantanya n’abasenzi b’abinginzi b’ihanga ry’Imana bari mu gihugu no mumahanga!

Ihanga ry’Imana

Publicités