Inyobozo y’Urugendo ni agatabo Umukristo wese akwiriye gusoma.

Inyobozo y’Urugendo ni agatabo Umukristo akwiriye gusoma na cane cane iyo yitegurira guca mu bugaragwa, mu misozi, mu mashamba, mu bunyerere n’amabuye ari mu masengesho yo kwisonzesha.

INTANGAMARARA

Aho nsohoreye agatabo nise “AKAMARO KO KWISONZESHA MU GUSENGA”, abasomyi batari bake baranezerewe baranyandikira ngo bamenyeshe yuko kabahezagiye. Barashimye yuko ari gato, koroshe gusoma kandi karimwo inyigisho ngirakamaro ku mu Kristo. Ico nokwongerako n’uko iyo ugiye mu masengesho y’iminsi myinshi canke mike hariho imero, inyifato n’ingiro utegerezwa kugira kugira ngo ubonane n’Imana, igire ico ikubwiye kandi ubashe kugishira muri ntibate. Ico nico nise “INYOBOZO Y’URUGENDO” rw’amasengesho yo kwisonzesha.

Inyobozo y’urugendo ni inkoni canke akabando ko kwishimikiza iyo ugiye mu bugaragwa, iyo ugiye kuduga imisozi, iyo ugiye guca mu bunyerere, amabuye no kujabuka inzuzi. Ni inkoni w’itatwaza iyo ugiye mu masengesho y’amapfungo kugira ngo wihererane n’Imana.

Mose aho yafata amafungo yo kwisonzesha y’iminsi 40 mu bugaragwa, yarafise inkoni. Iyo nkoni niyo yaragije ubusho imyaka 40 mu bugaragwa, niyo yerekanye ubutware bwiwe mw’ihanga rya Isirayeli mu rugendo rw’imyaka 40 mu bugaragwa, ni nayo yashize hasi imbere ya Farawo ikamiragura inzoka z’abanyamareba, niyo yaramvuye hejuru y’ikiyaga gitukura kikigaburamwo kabiri maze Ihanga ry’Imana rikajabuka kw’isi yumye; ni iyo nkoni nyene yakubise rwa Rutare mu bugaragwa rukadudubiza amazi meza ihanga rikanywako ayo mazi akaba agitemba na bugingo n’ubu.

Ako kabando, waba ugiye gusengera mu bugaragwa, ku misozi y’amasengesho canke mu cumba cawe co gusengeramwo, urakwiriye kukitwaza.

Iyo nyobozo ariyo nkoni canke akabando mu buryo bw’impwemu ikozwe n’ibi bikurikira:

1. Ukwihana ivyaha n’akaha, ukwiyeza n’ukwitunya, ugusaba imbabazi, ukwaturanira nukwitatura n’Imana n’abantu.

2. Ukwiga n’ukumenya ico Imana ikugombako, kuvangura ikibi n’iciza, ikinyoma n’ukuri.

3. Ugutanga ikimazi c’ishimwe, ukwitanga no gusezeranira Imana kutayihemukira mu kuyikorera.

4. Ukwereka Uhoraho Imana imitwaro yawe yose no gusengera imitwaro y’abandi.

5. Ukwibutsa Imana n’ugusengera amasezerano, no gusengera muri Mpwemu canke mu ndimi.

6. Ukubohoka, ugukira indwara, ubukene, no kwatura amasezerano yawe.

7. Ukwigina intsinzi, gutazira no kunezerererwa Imana m’ugushira hejuru Umwami wacu Yesu Kristo.

Burya iyo tuvuze yuko ugusenga kwugurura ijuru si imvugo ngereranyo, ni ukuri ugusenga ni ukuganira n’Imana yo mwijuru nyene ubushobozi n’inganji kuri vyose. Ugusenga w’isonzesheje gutuma inzugi z’ukubohoka, ugukira z’uguruka. Uragerageza witwaze iyo nyobozo wirabire akayazwe.

Umuvukanyi wawe, Dr Rukundo Levi

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s