Maz’igihe co gutanga ikimazi ca ni kera kigeze, uwo muvugishwa n’Imana Eliya yigira hafi, aravuga, at’Ewe Uhoraho, ….

1ABAMI 18: 36-37 Maz’igihe co gutanga ikimazi ca ni kera kigeze, uwo muvugishwa n’Imana Eliya yigira hafi, aravuga, at’Ewe Uhoraho, Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubw’ijambo ryawe. Unyumvire se, ewe Uhoraho, unyumvire kugira ngw aba bantu bamenye kw’ari wewe Mana, ewe Uhoraho, kandi kw ari wewe ugarukana imitima yabo. Alleluya, ubona igihe kigeze he? Ikakaze ikangure ubu si Eliya ni wewe ! Uduze ijwi ryawe uhamagare Imana usenge Imana watura amajambo Imana yivugiye Alleluya Uyinginge kugira ikumve n’abakurwanya bose bamenye ko hari Imana yawe wiringiye Imana Nyenububasha bwose, Alleluya, DUSENGE : Ndagushima Mukiza kubw’uyu musi udasanzwe wagize neza Ewe Uhoraho n’ushimwe tukweretse uku kwezi kwose twatanguye Mana kugira bize bimenyekane kw ari Wewe Mana dukorera kw ari Wewe Mana twizigira kugira Icubahiro kirushirizeho kuba icawe ibihe bidashira Amen.

Publicités