Urutonde rw’Amasengesho yo kwisonzesha agire atangurevendredi minuit, kuwa nyuma w’Isabato canke kuwa gatanu kubandi sa sita z’Ijoro

countdown.-abisezerano*Urutonde rw’amasengesho y’amapfungo yo kuva uyu musi vendredi isaha 00:00 (minuit) zijoro 15 rishira 16 gusika vendredi 6:00 rirenze kuwa 22/2/2019. Niho amasengesho aza gutangura*
-Abahisemwo kutagira ikintu na kimwe bafata nkuko babimenyereye, amasaha ni uko ameze.
– Ababwiwe kuzoza barafata ubuyi kira munsi mwijoro bobunywa iminsi yose hakati ya sa kumi na zibiri kumugoroba na sa kumi na zibiri imbere yuko buca.
– Abakozi bakora ibikogwa vyinguvu n’abandi bose bagomba kwegera Imana bazohora bafungura hagati ya sa kumi na zibiri zo kumugoroba na sasita zijoro.
– Abavyeyi bonsa n’abagwayi bazohora bafungura rirenze sa kumi na zibiri kandi kumurango banywa amazi canke umutobe w’amatunda.
1.- Umunsi wa mbere (Samedi)16/02 kuva mugaturuturu ni umunsi wo kwihana ivyaha n’akaha, kwiyeza no kwitunganya, gusaba imbabazi, kwaturanira, kwitatura n’Imana n’abantu.
2. – Umunsi ugira kabiri (Dimanche)17/02 ni umunsi wo kwiga no gusenga ngo umenye ico Imana ikugombako, kuvangura ibibi n’ivyiza, kuvangura ibinyoma n’ukuri.
3.- Umunsi ugira gatatu (Lundi)18/02 ni umunsi wo gutanga ikimazi c’ishimwe, gutanga ishikanwa (Gufasha aboro, abarwaye, impfuvyi,n’abari mu bibazo)ukwitanga no gusezeranira Imana kutayihemukira no gufata ingingo yo kuyikorera.
4.- Umunsi ugira kane (Mardi)19/02 ni umunsi wo gusenga wereka Uhoraho Imana imitwaro yawe yose no gusengera imitwaro y’abandi (Kwisengesra , gusengera umuryango wawe, ababanyi, incuti, imiryango, n’abandi bafise imitwaro). No gusengera Uburundi.
5.- Umunsi ugira gatanu (Mercredi)20/02 ni umunsi wo kwibutsa Imana no gusengera amasezerano yawe ayo igihugu no gusengera muri Mpwemu (mu ndimi). Abatarabatizwa muri Mpwemu Yera ni igihe co kumuronka.
6.- Umunsi ugira gatandatu (Jeudi) 21/02 ni umunsi wo kubohoka kubitwizingirako vyose( imivumo, imikoshi, gukira indwara, ubukene, urwanko, ishavu, …) kwirugwa no kwatura amasezerano yawe nayo igihugu.
7.- Umunsi ugira indwi (Vendredi) 22/02 ni munsi w’intsinzi, amashimwe, gutazira no kunezerererwa Imana yacu dushira hejuru Umwami wacu Yesu Kristo. Umunsi w’intibagiranwa.
*Muri Ihanga Ryera ry’Imana*

Publicités