🔘 « Nopfuma nigisha umuntu umwe gusenga hako nigisha abantu cumi kuvuga ubutumwa. »
âž– *Charles Spurgeon*
🔘 « Umuntu yama ahimiriza ishengero rya Kristo gusenga niwe aba aterereye mu buryo bukomeye ivugabutumwa mw isi yose. »
âž– *Andrew Murray*
🔘 » Dukwiye gusenga amaso yacu ari ku Mana atari ku bibazo turiko turacamwo. »
âž– *Oswald Chambers*
🔘 » Ntakindi gikorwa mu buzima gihambaye gusumba gusenga,ibindi vyose bisaba amasengesho kugira bigende neza »
âž– *M.E Andross*
🔘 » Gusenga ntibavyigira mu mashure ariko gusenga bavyigira mu bwihisho. »
âž– *E.M.Bounds*
🔘 « Gusenga ntabwo ari ugusaba.Gusenga n ukwishira mu biganza vy’Imana wishikanye,gutyo bigushobokere kwumva ijwi ry’Imana i bwina mu mitima wawe. »
âž– *Mama Teresa*
🔘 « uko urushiriza gusenga niko guhagarika umutima bizimangana muri wewe.Uko urushiriza gutazira niko kwiganyira navyo birushiriza kuzimangana »
âž– *Rick Warren*
🔘 « Mfise vyinshi vyo gukora kuburyo binsaba kumara amasaha atatu ya mbere mu masengesho. »
âž– *Martin Luther*
🔘 « amasengesho ntadushikana mu gikorwa gihambaye ahubwo amasengesho nico gikorwa gihambaye. »
âž– *Oswald Chambers*
🔘 « Uwupfukama kenshi,niwe ahagarara neza. »
âž– *D.L.Moody*
Gusenga nirwo rufunguruzo*