Dusangire iri sengesho kuri uyu mugoroba

Mana uvyagiy ahera hahera mw’ijuru turaciye bugufi musi y’umusaraba wawe imbere yuko tuvuga ivyera vyawe turaciye bugumfi kugira ngo utangure utubabarire muri bimwe twirigwamwo na bimwe twagorobezamwo. Turasavye amaraso ya Yesu Kristo atubonekeko atunyukure imvyiro kuko twiriwe mu majambo aho twagiye tuvuga canke dukora ibitajanye nubugombe bwawe turasavye uduharire.

Nanje ndasavye amaraso ambonekeko kuko nagiye mu bitaguhimbara kandi nagiy mpura navyishi vyagenda binyanduza. Yesu ndafukamye musi yumusaraba bagenzanje nabonyene ndabasabiye amaraso yawe ababonekeko kuko nabo bagiye uko utagomba. Yesu bahangaze. Papa turakweretse ir’ijoro ngwino ubane natwe tugiye gusinzira ryatiro rigereranywa n’urupfu. Turasavye utubere umuzigamyi twebwe twese tuzogere kumusi wejo dushima izina ryawe atawishwe n’ivyaha n’ivyago uzoba ukoze. Za mpwemumbi turazanse mw’izina rya Yesu Kristo!

Vya bisigo vyigenza mwijoro turabifatishije mpiri mw’izina rya Yesu Kristo. Duhaye kaze ububasha bw’ijuru tukwereka abagwaye ngo ubashikeko n’abatarakumenya ubibuke n’abanyantegenke bongegwe inkomezi n’abafise imisozi irimbere yabo isenyuke nabamwe umengo ivyabo ntibigikunda wiyerekane kuri lmana. Reka tukwereke ipfuvyi n’abapfakazi ubibuke n’abatagira shinge na rugero ubibuke ubabe hafi.

Reka tugusabe muri ibi bike vyishi vyiza bihagije ubugingo bitangwa nawe. Tubisenze mw’izina rya Yesu Kristo Umwami wacu, Amen🙏🙏👏👏

Publicités