Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yanje; nzogushira hejuru, ntazire izina ryawe

YESAYA 25:1 Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yanje; nzogushira hejuru, ntazire izina ryawe; kuko wakoze ibitangaza, ivyo wagabiye uhereye kera, ur’uwo kwizigirwa n’uw’ukuri. Alleluya, Amen bagenzi, nta yindi Mana yo gushimwa, yo gushirwa hejuru n’Iyo Mana nyene yakubumbiye munda ya maman wawe ukavuka ukomeye hari inzoya nyinshi zitabayeho, ukaba uriho hari benshi bapfuye ! N’uyu musi wavyutse hari abatashoboye kubona uyu musi ! Halleluya ! Iyo Mana Iracari Yayindi ! Ntihinduka kandi Ntihemuka, Mana n’Uhabwe Icubahiro, tukuzamuriye amashimwe tugushize hejuru kandi turakwemereye udukorere ibitangaza ivyo wagabiye uhereye kera ntaco dufise twovuga kandi ntanico dufise twokora imbabazi zawe zitubonekeho ibikwiriye n’ibibereye biguhesha icubahiro ubidukorere kandi ubiduhere ubuntu mw’Izina rya Yesu Kristo Umucunguzi wacu Amen.