Itangazo ryatanguje umunsi ugira 5 w’amasengesho yo kwitanga.

*ITANGAZO RY’IHANGA RYERA RY’IMANA RIGIRA V*

Mukanya sa sita j’ijoro amasaha y’ibujumbura mu Burundi, turatanguza ibikogwa vy’umunsi ugira 5 w’amasengesho yo kwisonzesha vyatanguye kuwa 15 sa sita z’ijoro zishira kuwa 16 uku kwezi n’uyu mwaka; aya masengesho akazomara iminsi 7. Uwurongora amasengesho yo kuwa 20 Ruhuhuma ni *Eric Ntaco*

1. Ugushima

-Dushimiye twivuye inyuma abakozi b’Imana baturongoye kuva kumunsi wa mbere watanguye aya masengesho gushika kuri uyu munsi. Barongowe n’Imana Nyene Ubushobozi kandi tuguma tubasengera.

-Turashimiye kandi n’abitavye aya masengesho bose, abari mu gihugu cacu c’Uburundi, abari mu bindi bihugu, mu nkambi z’impunzi n’ahandi hose.

-Dushimire amashengero yose ayari mu gihugu nayo mumahanga ariko arifatanya n’Ihanga ry’Imana.

2. _Urufatiro rw’amasengesho_ y’amapfungo ni:

– *Ca gihe co gusengera amasezerano yawe Imana yaguhaye no gusengera amasezerano y’igihugu cacu c’Uburundi cashitse;*

– *Ni ca gihe kandi co gusengera muri Mpwemu ca geze, ni umunsi wo gusengera mu ndimi zitamenyeka, indimi zo mw’ijuru. (Mariko 16:17)*

Hanga Ryera ry’Imana, namwe mwese mwifatanije natwe muri aya masengesho

-Iminsi 4 y’amasengesho yo kwisonzesha yarangiye neza cane kw’isi yose kandi yitabiriwe n’abarundi n’abanyamahanga nkuko twabivuze, ibitangaza vyaratanguye gukoreka. Iyi minsi 3 isigaye yitumiriremwo n’abandi ntibabe abahombe.

-Mpwemu Yera ati: “ Uwo wese yatanguye gusenga yisonzesheje arondera mu nyonga h’Imana azishugwa imitwaro yose ihuye n’ubugombe bw’Imana.”

-Mpwemu ati kandi: “ Mwitegurire mwese kwibonera no kuronka ibitangaza mwiteze. Ngo ukwizera kwanyu n’amasengesho yanyu yanejereje Uhoraho Imana Yehovah”.

Umwami wacu Yesu Kristo akomeze kubabungabunga kandi mutsinde inzara, inyota n’intambara z’ivyiyumvirobn’utujambo satani abateza ashaka kubasamaza.

http://www.abisezerano.com

Publicités