Umutumiro w’amasengesho yo gusengera imitwaro y’Abarundi bose, Ihanga ry’Imana n’Uburundi

*Umutumiro w’amasengesho yo gusengera imitwaro y’Abarundi bose, Ihanga ry’Imana n’Uburundi*

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi Mercredis na Samedis. Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro canke ivyumba vy’amasengesho twita kukarago, dusanganywe bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, whatsapp na Facebook, abari I Bulaya basanzwe basenga Lundi, Aziya na Ostraliya basenga mardi, Afika ni Jeudi, Canada na Amerika ni Vendredi.

Mu masengesho ya bose dusengera imitwaro y’abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga, tukongera tugasengera Uburundi n’ihanga ry’Imana ryose, mwese murimwo kandi muratumiwe.

URUFATIRO RW’IYI NDWI:

– Gushimira Imana yo yatunganije amasengesho y’Ihanga ryayo yamaze indwi yose kandi vyose bikaba vyaragenze neza cane.

– Gushimira Uhoraho Imana yo yagendeye Ihanga ryayo ikongera ikariha amasezerano y’ivyiza vyinshi n’uburinzi naho umwansi we yari ira icobo n’inkota yo kurandura 1/5 c’Abarundi.

IBISOMWA DUHAWE

——————-

– Abifilipi 2:9-11

– Mugire ukwizera gushitse: Mariko 2:1-12

– kwitegurigwa kwitwa izina ryo mw’ijuru ( Ivyahishuriwe Yohana 2:17)

– Gushimira Uhoraho ( zaburi 100 niya 101)

INDIRIMBO

——————-

– Ukwezwa (39)

– Amashimwe (103)

– Amahoro Yesu ampa ( 121)

-Gukurikira Yesu gusa (194)

IVYO MWEMU W’IMANA AHISHURA

———————-

– Imana irururukije ubushobozi, ingabire zitandukanye no gushitswa kw’amasezerano bidatinze, ni witegure kwakira.

-Abantu benshi barizangazangira ntibazi yuko igihe co kwambarainkomezi bagaterama ari iki, babwire basenge, bisonzeshe kandi bavuge ubutumwa bw’umwuzuzo.

IVYOGUSENGERA

—————————–

1. Musengere abo Imana yasize amavuta ngo babaje imbere muri uru rugendo.

2. Uretse imitwaro yaho mu herereye, ni ugusengera no gushika ku abihebuye, abaruhijwe n’ubuzima, abagwayi, abapfunzwe, abashonje, abari mu bitaro, abageze muzabukuru, abamugaye n’ababa mw’ibarabara.

3. Mwibuke gusengera abavyeyi bibungenze, abana bato, abimirije kugira imanza z’ubugeni, abari mu ngendo, abapfunzwe, abageze muza bukuru , abafise ubumuga n’impunzi.

4. Musengere igihugu c’Uburundi kugira ngo umugambi w’Imana abe ariwo uranguka ivya satani vyose bisendwe mw’izina rya Yesu.

Ni dusangwe Imana, uBurundi n’Isezerano

Bigiriwe I Gitega kuwa 26/Ruhuhuma/2019

Publicités